Uwufise ububasha kw’isanamu Tolu Ogunlesi Image caption Anthony Joshua, rurangiranwa muri boxe, aryamye imbere ya Buhari nk'ikimenyetso co kumwubaha

Anthony Joshua yafotowe aryamye imbere y'umukuru w'igihugu ca Nigeria Muhammadu Buhari, nk'ikimenyetso co kwicisha bugufi imbere y'iwe mu muji wa London.

Joshua ava ku bavyeyi bamuka muri Nigeria yabariye abari aho ko azoshigikira igihugu ca Nigeria ahantu hose bizoba bikenewe.

Ayo mafoto yakurikiwe n'inyishu zitandukanye ku mbuga hwaniro, aho abidogera Bwana Buhari bashavujwe n'uko Joshua atavugiye ku mugaragaro ibibazo urwaruka rwo muri Nigeria rubona.

Joshua yavuze ku rubuga hwaniro kuri iyo nkuru ati:'' Si ibijanye na politike. Ni ibijanye n'imigenzo hamwe n'ukubaha abadukurira''.

  • Anthony Joshua yatsinze Andy Ruiz Jr yisubiza imihigo y'isi mu cyiciro cy'abaremereye
  • Muhammadu Buhari aragabisha abategura kuzokwiba amatora
  • Anthony Joshua na Wladimir Klitschko, urukino rurindiriwe cane

Abandi ariko banezerewe no kubona yaguye munda abanya Nigeria yamukamwo, be n'ukwunama imbere ya Buhari - umugenzo uranga ukwubaha umwe wese yereka abantu bakuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu Tolu Ogunlesi Image caption Anthony Joshua ariko afata ifoto ari kumwe na Muhammadu Buhari

Prezida Buhari yari i Londres mu nama y'abakuru b'ibihugu vyo ku mugabane wa Afrika n'Ubwongereza yerekeye imitahe iriko iraba kuva italiki 20 z'uku kwezi kwa mbere.

Amasanamu yafashwe imbere y'iyo nama ku mugwa mukuru w'Ubwonegereza yahavuye ashirwa ku rubuga rwa You tube n'amaradiyo yo muri Nigeria.

Umwe mu bagendanira umukuru w'igihugu Buhari, Tolu Ogunlesi yashize ku rubuga rwa Twitter amafoto yongera yandika ati: ''AJ!!! uyu musi turi i Londres kumwe n'umukuru w'igihugu''.